Uko wahagera

Imirimo Yarasubiye Kubandanya, ku Kibuga c’Indege Mpuzamakungu, c’i Nairobi, ku Murwa Mukuru wa Kenya


Abajejwe kuzimya imiriro, bariko bagerageza kuzimya umuriro wadutse ku musi wa gatatu ku kibuga c'indege mpuzamakungu,Jomo Kenyatta International Airport ku murwa mukuru w'igihugu ac Kenya, Nairobi
Abajejwe kuzimya imiriro, bariko bagerageza kuzimya umuriro wadutse ku musi wa gatatu ku kibuga c'indege mpuzamakungu,Jomo Kenyatta International Airport ku murwa mukuru w'igihugu ac Kenya, Nairobi
Ikibuga c’indege gikomeye, co mu gihugu ca Keny,a casubiye kwugurura ibice bimwe bimwe, inyuma yuko umuriro ukomeye usambuye ibice vy’ico kibuga c’indege, abantu bashikirimwo bavuye hanze y’igihugu.

Abategetsi b’igihugu ca Kenya bariko baratohoza icatumye uwo muriro waduka, ku kibuga c’indege mpuzamakungu, Jomo Kenyatta International Airport, i Nairobi ku murwa mukuru w Kenya, umuriro watanguye mu gitondo co ku musi wa gatatu, watse mu kiringo c’amasaha atari make, imbere abantu bbawuzimya.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, ryasubiyemwo umukuru w’igipolisi kijejwe kurwanya iterabwoba, mu gihugu ca Kenya, Boniface Mwaniki, avuga kw’atemera ko hari isano hagati y’iterabwoba, n’umuriro wadutse ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’I Nairobi.

Uwo muriro wadutse, ku musi w’ukwibuka imyaka cumi n’itanu irangiye, habaye ibitero vy’iterabwoba ku ma Ambassade ya Amerika, mu bihugu vya Kenya na Tanzania.

Nta nuwe yahitanywe n’uwo muriro, naho abantu babiri bavuwe, kubera guhema umwotsi.
XS
SM
MD
LG