Uko wahagera

AbanyaZimbabwe, Baritavye Amatora, Ari Benshi


President w'igihugu ca Zimbabwe, Robert Mugabe, ariko aratora, muri quartier yiwe yitwa, Highfields kw'igenekerezo rya 31 ry'ukwezi kwa fatatu.
President w'igihugu ca Zimbabwe, Robert Mugabe, ariko aratora, muri quartier yiwe yitwa, Highfields kw'igenekerezo rya 31 ry'ukwezi kwa fatatu.

Ayo matora y’umukuru w’igihugu hamwe n’abashingamateka, yaranzwe n’imirongo miremire y’abanyagihugu bitavye ayo matora.

President w’igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe hamwe n’umushikiranganji wa mbere Morgan Tsvangirai bose bariko baratangaza ko bazotsinda amatora y’umukuru w’igihugu hamwe n’amatora y’abashingamateka, yabaye ku musi wa gatatu.

Abo bategetsi batavuga rumwe, nibo bari imbere y’abandi banyapolitike batanu bariko barahiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu mur’ayo matora yitabwe n’isinzi ry’abanyagihugu.

Umushikiranganji wa mbere Tsvangirai ariko aragerageza ubugira gatatu kuraba ko yusubirira umushingantahe Mugabe. Aramaze gushikiriza ibirego bivuga kw’umugambwe wa president, ufise umugambi wo kwiba ayo matora.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu hamwe n’abatavuga rumwe na reta ya Zimbabwe, nabo nyene barashikirije ibirego nk’ivyo.

Umushingantahe Mugabe avuga kw’ata ruhara afise mu mugambi wo kwiba amatora. Yatanguye gutwara igihugu ca Zimbabwe, kuva ico gihug kironse intahe yo kwikukira mu mwaka w’1980.

Umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora, ufise gushika kw’igenekerezo rya gatanu ry’ukwezi kw’umunani, kugira ngo uzobe washikirije ivyavuye mu matora.
XS
SM
MD
LG