Uko wahagera

Amatora yo mu Gihugu ca Mali


Umwana w'umuhungu ariko yifotoza ari iruhande y'umunyapolitike ariko aritoza Ibrahim Boubacar Keita mu gisagara ca Timbuktu, kw'igenekerezo rya 25 ry'ukwezi kw'indwi
Umwana w'umuhungu ariko yifotoza ari iruhande y'umunyapolitike ariko aritoza Ibrahim Boubacar Keita mu gisagara ca Timbuktu, kw'igenekerezo rya 25 ry'ukwezi kw'indwi

AbanyaMali baritavye ayo matora ari benshi kurusha mbere, aho abanyagihugu bitaba amatora batahora barenga 40%.

Haheze amazi indwi abasirikare b’igihugu c’Ubufaransa hamwe n’abasirikare b’igihugu ca Mali babohoje intara zo mu buraruko bw’igihugu, zari zaracumbitswemwo n’abagwanyi bakorana n’umuhari ukora ibitero vy’iterabwoba, Al Qaida, inyuma y’aho habereye coup d’Etat, mu kwezi kwa gatatu mu mwaka w’2012, abaToouareg bagaca bagumuka mur’iyo ntara.

Mu gisagara ca Gao cari carigaruriwe n’abarwanyi, abanyagihugu bitavye amatora ari benshi cane: Yamara mu gisara ca kure muraruko citwa Kidal, arinaco cahoze ar’icicaro c’abaTourareg, abanyagihugu ntibitavye cane ayo matora.

Naho muri rusangi ayo matora naho yitabwe cane, hari abanyagihugu bavuga ko batashoboye gutora kuko bababuze ibibanza, bategerezwa gutorerarmwo.

Umwe mu banyagihugu yagiye gutora , Keita Naba yavuze kw’afise akizero mu kuntu ayo matora yatunganijwe, ariko akavuga kw’ abategetsi bakwiye kuguma barikanuye kugira ayo matora, ntabemwo ubusuma.

President w’imfakibanza nawe, Diouncounda Traore yarateye akabo abanyapolitike bariko baritoza, kabasaba kugendera demokrasi gushika ku munota wa nyuma, hamwe no kwemera ibizoba vyavuye mu matora.

Abategetsi baserukira amashirahamwe mpuzamakungu hamwe n'abategetsi bakwirikiranye ayo matora, barashima ukuntu abanyaMali bayitavye.

Twaraganiye na president Pierre Buyoya; intumwa idasnazwe y'umukuru w'ishirahamwe rya Afrika mu gihugu ca Mali, araheza aratubwira ukuntu yabonye ayo matora:
Mushobora kwumviriza.
please wait

No media source currently available

0:00 0:10:30 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG