Uko wahagera

Amabombe Yatezwe mu Modoka Yahitanye Abantu 55 ku Murwa Mukuru wa Iraki, Bagdad


Inteko zijejwe umutekano ziriko zisuzuma ikibanza bombe yaturikiyemwomu gisagara ca Basra, mu bumanuko bwa Iraki.
Inteko zijejwe umutekano ziriko zisuzuma ikibanza bombe yaturikiyemwomu gisagara ca Basra, mu bumanuko bwa Iraki.
Ibitero vy’amabombe yatezwe mu modoka, vyiihaye inkumb,i ku musi wa mbere, mu gihugu ca Iraki, aho vyahitanye abantu mirongo itanu na batanu canke barenga, abandi barenga amajana abiri barakomereka, mu gihe igihugu ca Iraki kigeramiwe n’ubwicanyi buriko buriyongera, hamwe n’umuwuka mubi ufatiye kw’idini.

Menshi muri ayo mabombe yaturitse, ku musi wa mbere, yaturikiye mu bice bibamwo ahanini n’Aba Shi’ite, ku murwa mukuru wa Iraki, Bagdad, mu gihe bombe imwe yaturikiye, mu gisagara ca Basra, mu bumanuko bwa Iraki.

Nta wiyitiriye buno nyene ivyo bitero.

Umurwi ukorana n’umurwi al-Qaida, mu gihugu ca Iraki, warakoresheje kenshi bombe zitezwe mu modoka, mu bitero bigenewe kugeramira Reta iyobowe n’Aba Shi’ite, mu gihugu ca Iraki.

Aba Sunni batari bake baragize imyiyerekano y’ukwiyamiriza Reta, mu kuvuga ko yihoza ivyo bakeneye, kandi kw’ibakumira, mu vyerekeye politike.

Ibitero vy’amabombe, vyo musi ku wa mbere, vyerekeye umutekano utera uyanzara, mu gihugu ca Iraki, aho abantu bagera ku bihumbi bitatu bishwe, kuva mu kwezi kwa kane.

Mu kwezi kw’indwi, abantu barenga amajana umunani barishwe, mu bitero vy’abarwanyi.
XS
SM
MD
LG