Uko wahagera

Igihugu ca Mali Kiriko Kiritegurira Amatora Ahambaye Cane

  • VOA Africa

Ibikoresha vy'amatora muri Mali

Ibikoresha vy'amatora muri Mali

Mu gihugu ca Mali, vyitezwe kw’abantu imiliyoni n’imiliyoni baja, mu matora y’umukuru w’igihugu ,uno musi ku w’Imana, amatora abonwa ko ahambaye cane, ku vyerekeye kugarukana amahoro, n’umutekano mu gihugu.

Abakandida mirongo ibiri n’indwi bariko bahiganiarwa gusubirira prezida w’infatakibanza, Dioncounda Traore, n’ugukura igihugu ca Mali, mu bibazo kirimwo.

Amatora y’uno musi ku w’Imana, mu gihugu ca Mali, niyo matora ya mbere akwirikiye ikiringo c’amezi cumi n’umunani y’ibibazo bikomeye, harimwo umugumuko w’abo mu bwoko bw’Aba Tuareg, coup d’etat y’igisirikare, n’ukwigarurira uburaruko kw’Aba Islamu, hamwe n’ibikorwa vya gisirikare vy’inteko, zari ziyobowe n’igihugu c’Ubufransa, muri iki gihe ziriko zisubirirwa, n’inteko zijejwe gucungera umutekano z’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U.

Ku musi wa gatanu, wari umusi wa nyuma w’ukwiyamamaza, ukaba wabaye umusi w’akaruhuko, kugira birekurire abanyagihugu, gutora amakarata yabo y’ugutora.

Abaserukira ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, n’abaserukira ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika, baraza gukwirikirana amatora, y’uno musi ku w’Imana muri Mali.
.
XS
SM
MD
LG