Uko wahagera

Harabaye Ugutana mu Mitwe, mu Bisagara vya Alexandria na Cairo, mu Gihugu ca Misiri

  • VOA Africa

Abadashigikiye, Mohamed Morsi, yahoze ari prezida wa Misiri mu myiyerekano i Cairo, ku musi wa gatanu, italiki mirongo ibiri na zitandatu z'ukwezi kw'indwi

Abadashigikiye, Mohamed Morsi, yahoze ari prezida wa Misiri mu myiyerekano i Cairo, ku musi wa gatanu, italiki mirongo ibiri na zitandatu z'ukwezi kw'indwi

Ugutana mu mitwe kwadutse, ku murwa mukuru w’igihugu ca Misiri, Cairo, no mu gisagara ca Alexandria, igihe abanya Misiri ibihumbi n’ibihumbi, bari bihereje amabarabara, mu gikorwa c’ukwerekana ko bashigikiye igisirikare, n’umurwi Muslim Brotherhood.

Mu gisagara ca Alexandria, abashigikiye, n’abadashigikiye prezida yakuwe ku butegetsi, mu gihugu ca Misiri, Mohamed Morsi, bateranye amabuye. Amasanamu ya video yerekanye abashigikiye Morsi ,n’umurwi Muslim Brotherhood, barasa abadashigikiye Morsi n’amatopito.

Ku murwa mukuru wa Misiri, Cairo, abashigikiye Morsi baratanye mu mitwe na bamwe mu bari mu myiyerekano, bari bakoraniye mu kibanza ca, Tahrir Square, ku murwa mukuru, Cairo, aho bari bitavye akamo katewe n’umutegetsi mukuru w’igisirikare, Abdel Fattah el-Sissi, kuko Abanya Misiri, biyubaha, bokwihereza amabarabara, kugira bamuhe ububasha bw’ukurwanya ubwicanyi n’iterabwoba.
XS
SM
MD
LG