Uko wahagera

Prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir, Yarakuye Reta Yiwe,, n’Icegera ca Prezida


Prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir
Prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir
Prezida w’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir, yarahinduye Reta, akaba yirukanye icegera ca prezida, Reta yiwe yose, yongera ahagarika mu mabanga yiwe, umuyobozi w’umugambwe uri ku butegetsi.

Iyo ngingo yatangajwe ku musi wa kabiri, yafashwe mu gihe hari amakuru yuko hari ukutumvikana hagati y’abategetsi b’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko.

Riek Macher, yirukanywe mu mabanga yiwe y’icegera ca prezida, yarerekanye ko yifuza kwitoza mu mabanga y’umukuru w’igihugu, mu mwaka w’2015.

Barnaba Marial Benjamin, yirukanywe mu mabanga yiwe y’umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru, yabwiye Ijwi rya Amerika, kw’ingingo ya prezida Kiir, itatangaje abantu benshi, mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko.

Benjamin, yariyamirije kandi amakenga yuko ihindurwa rya Reta rizotuma haba umutekano muke kurushiriza, mu gihugu.

Prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir, ntaratangaza abazogira Reta yiwe nshasha, yamara Benjamin yamenyesheje ko yiteze ko Reta nshasha izoba igizwe n’abashikiranganji birukanywe, hamwe n’abashikiranganji bashasha.
XS
SM
MD
LG