Uko wahagera

Umutegetsi mukuru w’Igisirikare, c’Igihugu ca Misiri, Yasavye Abanya Misiri Kugira Imyiyerekano Ikomeye, ku Musi wa Gatanu


Umutegetsi mukuru w'igisirikare ca Misiri, Abdel Fattah el-Sissi
Umutegetsi mukuru w'igisirikare ca Misiri, Abdel Fattah el-Sissi
Umutegetsi mukuru w’igisirikare c’igihugu ca Misiri, yasavye Abanya Misiri kugira imyiyerekano ikomeye, ku musi wa gatanu, y’ugushigikira igisirikare, mu guhangana kwaco n’ubwicanyi n’iterabwoba, ingingo ishobora kwerekana umugambi w’ukwongereza urugamba rw’ukurwanya abashigikiye prezida yakuwe ku butegetsi, Mohamed Morsi.

Umushikiranganji ajejwe ukwivuna abansi, w’igihugu ca Misiri, Abdel Fattah el-Sissi, yateye ako kamo, ku musi wa gatatu, mu birori vy’ukurangiza amashule kw’abasirikare, vyerekanywe biriko biraba, kuri televiziyo ya Reta.

Mw’ijambo ryiwe, Abdel Fattah el-Sissi, yariyemeje kandi kw’atagusubira inyuma kuzohaba, ku mugambi ushigikiwe n’igisirikare, utegekanya amatora y’abashingamateka, mu kiringo kigera ku mezi atandatu.

Igihugu ca Misiri caranzwe n’uruhagarara, n’ugutana mu mitwe kwihaye inkumbi, inyuma yuko igisirikare gikuye ku butegetsi prezida, Mohamed Morsi, haraheze indwi zitatu.
XS
SM
MD
LG