Uko wahagera

Ibiganiro Hagati ya Israel, n’/Abanya Palestina, Biri Hafi y’Ugusubira Kubandanya

  • VOA Africa

Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry

Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry

Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, yatangaje ko Israel n’Abanya Palestina, bariko batera begereza gusubira kubandanya ibiganiro vy’amahoro.

John Kerry, yabwiye abamenyeshamakuru, ku musi wa gatatu, kw’ibiganiro yagiranye n’abategetsi b’igihugu ca Israel, n’abategetsi b’Abanya Palestina, vyashoboye kugabanya bikomeye ibitandukanya izo mpande zibiri.

Yamara yaragabishije izo mpamde zibiri kudafata ingingo zogeramira umugambi w’amahoro.

Ivyatangajwe na John Kerry, ku murwa mukuru w’igihugu ca Jordaniya, vyabaye mu rugendo rwiwe rugira gatandatu, mu karere ka Israel, n’Abayahudi, kuva abaye Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, mu ntango z’uyu mwaka.

Imbere yaho, ku musi ku wa gatatu, John Kerry, yaraciriye ku mayange ivyerekeye umugambi w’amahoro, hagati ya Israel n’Abanya Palestina, abategetsi bakomeye b’ibihugu vy’Abarabu, akaba afise imigambi y’ukugirana iyindi nama na prezida w’Abanya Palestina, Mahmoud Abbas, mu gihe Kerry abandanya kugerageza gutuma ibiganiro vy’amahoro hagati ya Israel, n’Abanya Palestina, bisubira kubandanya.

Vyari bitegekanijwe ko Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, abonana na Mahmoud Abbas, ku muhingamo wo ku wa gatatu, ku murwa mukuru w’igihugu ca Jordaniya, Amman, inama izoba igize iya kabiri, mu kiringo c’imisi ibiri.
XS
SM
MD
LG