Uko wahagera

Abarwanya Ubutegetsi muri Syria Bavuga kw’Umutegetsi Akomeye mu vya Gisirikare, Yishwe n’Abarwanyi b’Umurwi al-Qaida

  • VOA Africa

Ikarata y'igihugu ca Syria

Ikarata y'igihugu ca Syria

Abanywanyi b’umurwi urwanya ubutegetsi, barondera gukura ku butegetsi, prezida w’igihugu ca Syria, Bashar al-Assad, batangaje kw’umwe mu bategetsi bakuru mu vya gisirikare, Kamal Hamani, yishwe n’abarwanyi bakorana n’umurwi al-Qaida barwana mu gihugu ca Syria.

Abasirikare bakuru b’abarwanya ubutegetsi bw’igihugu ca Syria, Free Syrian Army, batangaje ko, Kamal Hamani, umunywanyi w’urwego rukuru, mu vya gisirikare ,rw’abarwanya ubutegetsi, Supreme Military Council, yishwe n’abarwanyi bo mu murwi uzwi kw’izina rya Islamic State of Iraq and Syria, kuri barriere, mu ntara ya Latakia iri mu buraruko bw’igihugu ca Syria.

Uwo murwi w’abarwanyi b’Aba Islamu, ubonwa kw’ukorana n’umurwi al-Qaida.

Abarwanyi b’uwo murwi, bigeze kuba barwana hamwe n’imirwi yari igize urunani rw’abarwanya ubutegetsi bw’igihugu ca Syria, Free Syrian Army, rushigikiwe n’ibihugu vy’Abarabu n’ibihugu vy’I Bulaya na Amerika, mu rugamba rwabo n’inteko zishigikiye prezida w’igihugu ca Syria, Bashar al-Assad.

Yamara urunani rw’abarwanya Reta ya Syria, Free Syrian Army, baragerageje, mu misi ya vuba, kwitandunya n’abarwanyi b’Aba Islamu muri Syria, kugira bishure ku bwoba bwuko ibirwanisho bivuye hanze bihawe abarwaya ubutegetsi baw Syria, bishobora gushikira imirwi ikorana n’umurwi al-Qaida.
XS
SM
MD
LG