Uko wahagera

Abashigikiye Morsii n’Abatamushigikiye, Baragize imyiyerekano, i Cairo mu Misiri


Abashigikiye prezida yakuwe ku butegetsi mu gihugu ca Misiri, Mohamed Morsi
Abashigikiye prezida yakuwe ku butegetsi mu gihugu ca Misiri, Mohamed Morsi
Abashigikiye prezida, Mohamed Mors,i yakuwe ku butegetsi, mu gihugu ca Misiri, bagize imyiyerekano ari benshi, ku musi wa gatanu, aho bishuye akamo katewe n’umurwi Muslim Brotherhood, kerekeye kugira imyiyerekano ikomeye, mu gihugu cose, y’ukwiyamiriza Reta nfatakibanza ishigikiwe n’igisirikare.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi, barakoraniye hanze y’umusigiti, Rabaah el-Adawiya, ku murwa mukuru w’igihugu ca Misiri, Cairo, aho basaba ko prezida Morsi asubizwa ku butegetsi.

Bamenyesheje kw’igisirikare cahemukiye Reta Reta yemewe, amatora, hamwe n’ivyifuzo vy’abanyagihugu.

Abadashigikiye prezida yakuwe ku butegetsi, Mohamed Morsi, nabo nyene bariko bategaura imyiyerekano ikomeye, mu kibanza ca Tahrir Square, ku murwa mukuru w’igihugu ca Misiri, Cairo.

Umurwi, Muslim Brotherhood, waranse kugira uruhara, mu gikorwa c’ugushiraho Reta nfatakibanza.
XS
SM
MD
LG