Uko wahagera

Igihugu ca Zimbabwe Kiriteguriye Amatora


Abafasoni bariko barumviriza umunyapoltike wo mu mugambwe utavuga rumwe na reta ya Zimbabwe, yariko ariyamamaza
Abafasoni bariko barumviriza umunyapoltike wo mu mugambwe utavuga rumwe na reta ya Zimbabwe, yariko ariyamamaza

Igihugu ca Zimbabwe kiriko kirasaba ibihugu bibanyi ngo bifashe mu guterera amafaranga azokoreshwa mu matora, mur’iki gihe hasigaye indwi zitatu.

Umushikiranganji w’igihugu ca Zimbabwe ajejwe ubutunzi, Tendai Biti, ejo ku musi wa gatatu yabwiye abamenyeshamakuru ko yavuganye n’umukuru w’ishirahamwe ryo mu ntara, SADEC hamwe n’abategetsi bo mu bihugu vyo mur’iyo ntara, ku vyerekeye iyo ntererano yo gutunganya amatora.

Igihugu ca Zimbabwe, kizokoresha amatora y’umukuru w’igihugu, amatora y’abashingamateka hamwe n’amatora yo mu bindi bibanza, kw’igenekerezo rya 31 ry’ukwezi kw’indwi.

Umushingantahe Tendai Biti yavuze kw’igihugu gikeneye amadolari imiyoni 85 yo gukoresha ayo matora.
XS
SM
MD
LG