Uko wahagera

Ban Ki-moon Aratera Akamo K'Agahengwe Muri Syria


Abagabo bariko bargerageza kuzimya imodoka zariko zirasha
Abagabo bariko bargerageza kuzimya imodoka zariko zirasha

Ban Ki-moon, ariko aratera akamo abasirikare hamwe n’abagwanya ubutegetsi, kabasaba guhagarika ingwano mu kwezi kwa Ramadan

Umushingantahe Ban avuga kw’atariko avuga amasezerano avuye mu biganiro, ahubwo avuga kw’impande zose zikwiye gufata ingingo yo kureka kurasa mur’ico kiringo, kugira ngo ivyo bibe agashimwe bahaye abanyagihugu bo muri Syria.

Avuga kandi kw’ingingo nk’iyo, yotuma akizero ko gushikira amahoro kiyongera. Yongeye avuga kw’inyishu y’ingwano iciye mu biganiro, ariyo yonyene ishoboye guhagarika iyo ngwano imaze gutikiza inganda.

Iyo ngwano imaze imyaka irenga ibiri, imaze guhitana ubuzima bw’abantu bashika ibihumbi 100, mu gihe abandi bashika imiliyoni zitandatu, bataye ingo zabo, bagahungira hagati mu gihugu ca Syria, canke mu bihugu bibanyi.

Umushingantahe Ban yateye akamo amakungu, kayasaba gushigikira abanyagihugu bo muri Syria hamwe no kubamenyesha kw’ingwano ataribwo buryo bwo kurangiza ibibazo vyabo.
XS
SM
MD
LG