Uko wahagera

Muslim Brotherhood Uzohabwa Ibibanza Muri Reta


Abanyagihugu bashigikiye President Mohamed Mursi yakuwe ku butegetsi
Abanyagihugu bashigikiye President Mohamed Mursi yakuwe ku butegetsi

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Misiri, avuga ko kw’abaislamiste bazoba bari muri reta yiwe.

Ibinyamakuru vya reta ya Misiri, vyatangaje amakuru avuga kw’umushikiranganji wa mbere mushasha, aherutse kugenwa, Hazem el-Biblawi, afise umugambi wo guha ibibanza vy’abashikiranganji, abahurikiye mu muhari Muslim Brotherhood hamwe n’abahurikiye mu mugambwe w’intagondwa z’ambaslamist witwa Nour Party.
Umuhari Muslim Brotherhood wowo, wamaze kwiyamiriza iyo reta y’imfatakibanza, kandi urabandanya gusaba ko president Mohamed Morsi yakuwe ku butegetsi abusubizwako.

Umuvugizi wa Departement ya reta ya Amerika, Jen Psaki avuga ko reta zunze ubumwe za amerika zimaze kuvugana n’abategetsi baserukira umuhari Muslim Brotherhood, kandi ziriko zirabatera akamo kabasaba kuja mur’iyo reta y’imfakibanza.

Umufasoni Psaki avuga ko reta yose izogenwa mu gihugu ca Misiri, itegerezwa kuba irimwo bose.

President w’igihugu ca Misiri w’imfatakibanza, Adly Mansour, ejo ku musi wa kabiri, yaragenye umushingantahe el-Biblawi, umuhinga mu vyerekeye ubutunzi kandi yahoze ar’umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta, mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere w’imfatakibanza.

Itangazo ryasohowe rivuga ko Mohammad ElBaradei yigeze kuronka agashimwe k’amahoro, Prix Nobel, azogenwa mu kibanza ca vice president.
Ayo makuru y’igenwa ry’umushikiranganji wa mbere w’imfatakibanza, yahuriranye n’imfashanyo y’amadolari billioni na billioni, yemeywe n’igihugu ca Arabie Saoudite hamwe na Emirats Arabes
XS
SM
MD
LG