Uko wahagera

Ingwano Muri Syria Irabica Bigacika


Umwotsi uva mu nyubakwa zateweko amabombe

Umwotsi uva mu nyubakwa zateweko amabombe

Abasirikare ba reta ya Syria, baramijagiye amabombe mu maquartier yo mu gisagara ca Homs ejo ku musi wa mbere.

Abasirikare, bariko batana mu mitwe n’abagwanya ubutegetsi ku musi ugira cumi, iyo ngwano idahagarara, mu mugambi wo gucamwo kubiiri intara iri mu minwe y’abagwanya ubutegetsi, kugira ngo baronke intara irimwo umutekano, hagati y’umurwa mukuru hamwe n’inkengera y’uruzi Mediteranee.

Ishirahamwe ry’abanyaSyria riharanira agateka ka zina muntu rifise icicaro I Londres mu gihugu c’Ubwongereza, rivuga kw’amaquartiers ya Bab Hood hamwe na Al- Safsafa, yarashwe cane ibibombe vya mortier hamwe n’ibitero vya blinde.

Iryo shirahamwe nta bitigiri vy’abantu baguye mur’iyo ngwano ryatangaje, kuko bitoroshe kwinjira mur’ayo maquartier.

EJo ku musi wa mbere kandi, umutegetsi aserukira abatavuga rumwe na reta ya Syria aherutse gutorwa, Ahmad Jarba, yabwiye ibiro bijejwe gutangaza amakuru Reuters, kw’abatavuga rumwe na reta ya Syria, biteze kuronka ibigwanisho bikomeye bizotangwa n’igihugu ca Arabie Saoudite mu musi ya vuba, kugira ngo bakomeze ibirindiro vyabo.
Jarba asanzwe acuditse cane n’igihugu ca Arabie Saoudite yatangaje kw’abatavuga rumwe na reta ya Syria, batazoja mu biganiro vy’amahoro vyatungnaije na reta zunze ubumwe za amerika hamwe n’igihugu c’Uburusiya, bizobera I Geneve mu gihugu c’Ubusuisse, ngo kiretse mu gihe uburyo bwabo bwa gisirikare bwokwiyongera.

Abategetsi bo mu bushikiranganji bw’igihugu c’Uburusiya bujejwe imigenderanire, bavuze kw’amajambo yatangajwe n’umushingantahe Jarba, yerekanye kw’abarwanya ubutegetsi badashigikiye inyishu y’ingwano iciye mu nzira ya poltike, bongera baratera akamo abagwanya ubutegetsi, kabasaba kwitaba iyo nama yerekeye amahoro.
XS
SM
MD
LG