Uko wahagera

Reta Ya Misiri, Yatangaje Ikirangamisi C’Amatora


Abashigikiye President Mohammed Morsi, bariko barasenga mu gisagara ca Nasser City, ku musi wa mbere igenekerezo ry'umunani, ukwezi kw'indwi, 2013, J
Abashigikiye President Mohammed Morsi, bariko barasenga mu gisagara ca Nasser City, ku musi wa mbere igenekerezo ry'umunani, ukwezi kw'indwi, 2013, J

President w’mfatakibanza w’igihugu ca Misiri, yaraye atangaje kw’amatora y’abashingamateka azotunganywa mu ntango z’umwaka uza.

Avuga kw’ayo matora azokwirikirwa n’amatora y’umukuru w’igihugu.

Mu ngingo yashikirije ejo ku musi wa mbere, umushingantahe Adly Mansour yavuze kw’amatora yo guhindura ibwirizwa shingiro, azoba mu mezi atanu ari imbere.

Ayo matora arangiye, nk’uko ingingo yasohowe na president ibivuga, amatora y’abashingamateka, azoca akwirikira mu mezi abiri , hanyuma igenekerezo, amatora y’umukuru w’igihugu azoberako, rikazoca ritangazwa, inyuma y’aho inama nshingamateka izoba imaze gukorana.

Mu ndwi iheze, abasirikare b’igihugu ca Misiri, barahagaritse ibwirizwa shingiro ryateguwe n’abaislamiste, inyuma y’aho bakuriye president Mohamed Morsi ku butegetsi, habanje kuba imyiyerekano itavanako yo kwiyamiriza ubutegetsi bwiwe.

Abahurikiye mu muhari Mislim Bortherhood, bateye akamo ko kugira imyiyerkano uyu musi ku wa kabiri, inyuma y’aho abantu 51 biciwe ejo ku musi wa mbere, igihe abasirikare batana mu mitwe n’abashigikiye umushingantahe Morsi, ku murwa mukuru Cairo.

Abasirikare batangaje kw’umusirikare umwe, ari mur’abo bantu bishwe.
XS
SM
MD
LG