Indege y’isosiyete y’indege zitwara abantu, Asiana Airlines, yari itwaye abantu amajana atatu n’indwi, yaragize impanuka, mu gihe yariko yururukira ku kibuga c’indege mpuzamakungu co mu gisagara ca San Fransico, mu ntara ya Californiya, ejo ku musi wa gatandatu. Abantu babiri bakaba barapfuye.
Abantu bagera kw’ijana na mirongo itatu bavurwa ko bakomeretse, bamwe muribo bisanzwe, mu gihe abandi bameze nabi cane.
Iyo ndege yari ivuye mu gisagara ca Shanghai, mu gihugu c’Ubushinwa, yahagaze ku murwa mukuru w’igihugu ca Korea y’epfo, Seoul, imbere yuko itera igana igisagara ca San Francisco.
Amasanamu ya televiziyo yerekana iyo ndege itwara abantu, Boeing 777 iri hasi, itagira igice c’inyuma, mu gihe ibaba rimwe ryayo ryasa n’iryakorotse.
Ibisigarira vy’ibisa n’uko ari igice c’igice cayo c’inyuma vyari vyakwiragiye, ku kubuga c’indege mpuzamakungu, co mu gisagara ca San Francisco.
Ivyabona batangaje kw’igice c’inyuma c’iyo ndege y’Isosiyete y’indege zitwara abantu, Asiana Airlines, camanyutse igihe yagira impanuka igihe yari yururukiye ku kibuga c’indege mpuzamakungu co mu igisagara ca San Francisco.