Uko wahagera

Marion Bartoli wo mu Gihugu c’Ubufransa Yaratsinze Ihiganwa rya Tennis, Rya Wimbledon, ku rwego rw'Abapfasoni

  • VOA Africa

Marion Bartoli

Marion Bartoli

Umufransakazi, Marion Bartoli, yaratsinze ihiganwa ryiwe rikomeye rya tennis rya mbere, ejo ku musi wa gatandatu.

Yatsinze, mu gice ca nyuma c’ihiganwa rya tennis rya Wimbledon, mu gihugu c’Ubwongereza, Sabine Lisick,i wo mu gihugu c’Ubudagi, mu maseti abiri akwirikirana, ku manuta 6-1 na 6-4.

Abakinyi bakomeye baratsinzwe imbere yaho, muri iryo higanwa rya tennis rya Wimbledon rimara indwi zibiri, mu vyatumye, mu gice ca nyuma, hahura abakinyi abantu benshi batri biteze.

N’ihiganwa rya tennis rikomeye Marion Bartoli, muri iki gihe afise imyaka mirongo ibiri n’umunani, atsinze inyuma yuko agerageje incuro mirongo ine n’indwi.
XS
SM
MD
LG