Uko wahagera

Abasirikare Ba Mali Mu Gisagara ca Kidal


Abanyagihugu bari bakoraniye imbere y'iimodoza z'inteko mpuzanakungu zicungera umutekan, bariko biyamiriza irungikwa ry'abasirikare bacungera umutekano
Abanyagihugu bari bakoraniye imbere y'iimodoza z'inteko mpuzanakungu zicungera umutekan, bariko biyamiriza irungikwa ry'abasirikare bacungera umutekano

Abasirikare b’igihugu ca Mali baraye binjiye mu gisagara co mu buraruko, cahora mu minwe y’abarwanya ubutegetsi.

Abo basirikare binjiye mur’ico gisagara inyuma y’aho habereye amasezerano y’amahoro.

Abategetsi bo mu gihugu ca Mali, ejo ku musi wa gatanu, bavuze kw’abasirikare barenga 150 binjiye mu gisagara ca Kidal, cahora mu minwe y’abarwanya ubutegetsi b’abaTuareg.

Ibiro Reuters bijejwe gutangaza amakuru, bivuga kw’abantu bamwe bamwe bashigikiye abarwanya ubutegetsi, bari bakoraniye mu kibanza kimwe kugira ngo biyamirize irungikwa ry’abasirikare, arinavyo vyatumye batana mu mitwe n’abanyagihugu bashigikiye abasirikare.

Ibiro Reuters bivuga kandi kw’abasirikare b’ishirahamwe mpuzamakungu bari mur’ico gisagara, mu gikorwa co kubangurukanya abantu bagira imyiyerekano.

Mu kwezi guheze, abarwanya ubutegetsi b’abaTuareg bo mu murwi, MNLA, barateye igikumu ku masezerano asaba kw’abasirikare b’igihugu ca Mali hamwe n’abategetsi b’abasirikare basubira mu gisagara ca Kidal imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’igenekerezo rya 28 ry’ukwezi kw’indwi. Ayo masezerano avuga kandi kw’abarwanya ubutegetsi bategerezwa kwakwa ibigwanisho.
XS
SM
MD
LG