Uko wahagera

Imyaka Cumi Irangiye, Niyo Yashushe Cane, Kurusha Iyindi, Kuva Habaye Igikorwa c’Ugukwirikirana Ivyerekeye Ibihe


Imyuka irungikwa mu kirere iri mu bituma haba ihindagurika ry'ibihe
Imyuka irungikwa mu kirere iri mu bituma haba ihindagurika ry'ibihe
Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu rikwirikirana ivyerekeye ibihe kw’isi, ryamenyesheje kw’ikiringo c’imyaka cumi iheze, carangiye mu mwaka w’2010, cabeye igihe cari gishushe cane, mu bitari bwabe, kuva uburyo bw’ukubika ibijanye n’ibihe butanguye gukoreshwa, hagati mu myaka y’1800.

Ishirahamwe rikwirikirana ibihe kw’isi, ryatangaje kw'imyaka yose y’ikiringo c’imyaka cumi irangiye ,umuntu aretse umwaka w’2008, yabaye imyaka yashushe, mu buryo butari bwibonekeze, imbere yaho.

Ishirahamwe rikwirikirana ibihe kw’is,i rifise icicaro mu gisagara ca Geneve, ryatangaje kw’umwaka w’2010, ariwo mwaka washushe kurusha iyindi myaka yose, kuva ubuhinga bw’ugukwirikirana ivyerekeye ibihe bushizweho.

Ivyatohojwe n’ishirahamwe rijejwe gukwirikirana ibihe kw’isi, biri muri raporo yasohotse, ejo ku musi wa gatatu, raporo ishimikira ku bushuhe, imvura, ibihuhusi bikomeye cane, inkurikizi z’uruzuba, n’umwuzurane ukomeye w’amazi atewe n’imvura nyinshi cane.

Ishirahamwe rikwirikirana ivyerekeye ibihe kw’isi, ryongeye kandi ritangaza kw’ikiringo c’imyaka cumi iheze, carangiye mu mwaka w’2010, arico caguyemwo imvura nyinshi cane, mu buryo butari bwibonekeze, imbere yahoo.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rikwirikirana ivyerekeye ibihe kw’isi, Michel Jarraud, yavuze kw’urugero rutera rwiyongera rw’imyuka igeramira ibidukikije, biriko bihindura ibijanye n’ibihe, mu biriko bigira inkurikizi zikomeye, ku bidukikije n’amabahari.
XS
SM
MD
LG