Uko wahagera

Prezida wa Amerika, Barack Obama, Yararangije Urugendo Rwiwe, Muri Afrika


Prezida wa Amerika, Barack Obama na Prezida wa Tanzania, Jakaya Kikwete
Prezida wa Amerika, Barack Obama na Prezida wa Tanzania, Jakaya Kikwete
Prezida wa Amerika, Barack Obama, yararangije urugendo rwiwe, mu karere ka Afrika, akaba yamenyesheje ko yemera ko hamwe hofatwa imigambi itumbereye, abanyafrika bashobora gushikira iterambere rishasha.

Prezida Obama, yatahutse, ejo ku musi wa kabiri, inyuma yuko agendeye akongera agashiskiriza ijambo, mu kibanza gitanga umuyagankuba camaze igihe kidakora, mu gihugu ca Tanzania, casubiye gukoreshwa, biciye mu kigoro kagiriwe hamwe na Amerika na Tanzania.

Muri ico kibanza, prezida Obama, yarasubiye kuvuga, ku mugambi wiwe mushasha, w’imiliyaridi indwi z’amadolari, ugenwe gutuma igitigiri kinini kurushiriza c’Abanyafrika baronka umuyagankuba, mu mugambi w’ugukomeza ubutunzi bw’ibihugu vyo muri Afrika.

Prezida Obama, yarangije urugendo rw’imisi indwi, muri Afrika, n’ibirori ku kibuga c’indege, co mu gisagara ca Dar es Salaam, aho yariko asezera prezida w’igihugu ca Tanzania, Jakaya Kikwete, n’Abanyatanzania amajana n’amajana, bariko bamukomera amashi, bongera bazungagiza amabendera.

Imbere yaho, ejo ku musi wa kabiri, George W. Bush, yahoze ari prezida wa Amerika, yarifatanije na prezida Obama, mu gushira urugori rw’amashsurwe rugenewe gutera iteka abantu cumi n’umwe bishwe, mu gitero ca bombe cagizwe kuri ambassade ya Amerika, i Dar es Salaam mu mwaka w’1998.
XS
SM
MD
LG