Uko wahagera

Prezida wa Amerika, Barack Obama, Ari Muri Tanzania, Aho Yahagaze Ubwa Nyuma, mu Rugendo Rwiwe muri Afrika


Prezida wa Amerika, Barack Obama na prezida wa Tanzania, Jakaya Kikwete .
Prezida wa Amerika, Barack Obama na prezida wa Tanzania, Jakaya Kikwete .
Prezida wa Amerika, Barack Obama, yararondeye ugukorana gushasha, mu vyerekeye ubudandaji, n’akarere ko muri Afrika yo mu buseruko, mu gihe yari mu rugendo mu gihugu ca Tanzania, igihugu azorangirizamwo urugendo arimwo, mu karere ka Afrika.

Prezida Obama, yabwiye abategetsi bagira imirimo y’ubudandaji b’Abanyamerika, n’Abanyafrika, i Dar es Salaam, ejo ku musi wa mbere, kw’abona intara ya Afrika kw’ariko karere ko kw’isi kimirije kuzogira intambwe zikomeye.

Yaratangaje umugambi mushasha w’ugukorera hamwe, “Trade Africa” urondera kwongereza imigenderanire, mu vyerekeye ubudandaji, hagati y’akarere ka Afrika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara, na Amerika, intambwe ya mbere y’uwo mugambi ikazoshimikirira, ku karere ko muri Afrika yo mu buseruko.

Mu rugendo yagize mu bihugu bitatu vyo mu karere ka Afrika, prezida Obama, yamenyesheje ko Amerika ishaka imigenderanire n’akarere ka Afrika ifatiye cane, ku vyerekeye ubudandaji, ah’ugufatira ku nfashanyo.
XS
SM
MD
LG