Uko wahagera

President Obama Mw' Ikoraniro Muri Afrika Y’Epfo


Jean Baptist Hajayandi
Jean Baptist Hajayandi

President Obama yarakoresheje ikoraniro ryakwirikiranywe mu bihugu vyinshi bitandukanye.

Mur’iryo koranira, president Obama yaratangaje programe nshasha, aho reta zunze ubumwe za amerika zihora ziha akaryo urwaruka rw’abanyaAfrika, rukaja kwiga muri reta zunze ubumwe za amerika, rukarahura ubwenge mu bisata bitandakanye, kugiro ngo ubwo buhinga, rubutahukane guteza imbere ibihugu vyo muri Afrika.

President Obama yaravuze kandi ku kibazo nyamukuru c’intwaro nziza igira umuziro ruswa, kandi iha uburenganzira abanyagihugu bwo gushikiriza ivyiyumviro vyabo.

Yaravuze kandi ku mugambi wo guha ububasha abafasoni hamwe no ku kibazo c’imirwi ikora ibitero vy’iterabwoba, hatibagiwe ibibazo bitandukanye yishuye vy’imirwi y’abasore n’inkumi bari mu gihugu ca Kenya, muri Uganda, muri Tanzania hamwe no muri Nigeria, hakoreshejwe ubuhinga bwa Video Confderence:

Mushobora gutega amawi ki kiganiro.
please wait

No media source currently available

0:00 0:27:58 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG