Uko wahagera

Nelson Mandela Araremvye Naho Har’Akizero

President wa Reta Zunze Ubumwe Za Anmerika, Barack Obama,a ri mu monota w'agacerere, mu mugambi wo kwifatanya na Nelson Mandela, igihe yar'agiye gusangira na president Jacob Zuma pauses kw'igenekerezo rya 29 z'ukwezi kwa gatandatu. REUTERS/Jason Reed (S

Reta y’igihugu ca Afrika y’Epfo, yatangaje ko president Nelson Mandela yahoze atwara ico gihugu, akiri mu bitaro vyo gisagara ca Pretoria.

Abategetsi bavuga kw’umushingantahe Mandela aremvye cane, yamara ngo ubuzima bwiwe ntibugeramiwe mur’iki gihe.

Mw’itangazo ryasowe uyu musi ku wa mbere, president Jacob Zuma, yashimiye abanyaAfrika y’Epfo bose, babandanya gusengera no gusabira, umushingantahe Mandela yabaye kirangiranwa mu kugwanya ya ntwaro karyanishamiryango. Yateye akamo abanyagihugu kabasaba kubandanya bategura umusi mukuru wo guhimbaza imyaka 95, umushingantahe Mandela azoba akwijije kw’igenekerezo rya 18 ry’ukwezi kw’indwi.

Umushintahe Mandela aracari mu bitaro vyo mu gisagara ca Pretoria, muri department yitaho abasinzikajwe n’ingwara y’umuti, kuva aho anyarukaniwe mur’ivyo bitaro kw’igenekerezo ry’umunani ry’ukwezi kwa gatandatu, afashwe n’ingwara y’ubwandu mu mahaha.

Imirwi y’abantu bamwifuriza ineza, bamaze indwi zitari nke, bakoranira imbere y’ibitaro, aho batwara amashurwa bakongera bagashikiriza n’ubutumwa bwo kumuremesha.
XS
SM
MD
LG