Uko wahagera

Prezida wa Amerika, Barack Obama, Yaragendeye Izinga rya Robben Island, Aho Mandela Yahoze Apfungiwe


Prezida wa Amerika, Barack Obama ahageze mu kibanzal Nelson Mandela yamazemwo imyaka cumi n'umunani mu myaka mirongo ibiri n'indwi yamaze apfungiwemwo hafi y'igisagara ca Capetown
Prezida wa Amerika, Barack Obama ahageze mu kibanzal Nelson Mandela yamazemwo imyaka cumi n'umunani mu myaka mirongo ibiri n'indwi yamaze apfungiwemwo hafi y'igisagara ca Capetown
Prezida wa Amerika, Barack Obama, yaragendeye izinga rya Robben Island, mu gihugu ca Afrika y’epfo, ibohero aho Nelson Mandela yamaze imyaka cumi n’umunani apfungiwemwo, kubera yariko arwanira gukuraho intwaro kadyanishamiryango ya apartheid.

Prezida Obama, yagendeye ubwa mbere izinga rya Robben Island, mu mwaka w’2006, igihe yari Senateri, yari aherekejwe, muri iki gihe, n’umutambukanyi wiwe, Michelle Obama, n’abana biwe babiri b’abigeme.

Umuryango wa prezida Obama warabonye ikibanza, muri iryo bohero, aho Mandela yari apfungiwe, n’ikibanza aho we, n’abandi bari bapfunganywe hamwe, bategerezwa gukora ku nguvu.

Prezida Obama, n’umupfasoni wiwe, Michelle, baranditse ubutumwa, mu gitabo c’abashitsi, aho bavuze ko bumvise baciye bugufi, kuba bahagaze aho abantu bafise ubutwari nkubwo, bahanganye n’akarenganyo, bakanka gucika inkokora.

Prezida Obama, mu nyuma yaho, yarashikirije ijambo, kw’ishule kaminuza ya Cape Town, aho yatangaje umugambi, Power Africa, ugenewe kwongereza incuri kabiri, igitigiri c’abantu bashobora kuronka umuyagankuba, mu karere ka Afrika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zizokwiyemeza gutanga imiliyaridi indwi z’amadolari, kuri uwo mugambi, zikoranye n’ama Reta, hamwe n’amashirahamwe yo mu gisagata c’abikorera ku giti cabo, kugira baronse umuyagankuba iyindi miryango imiliyoni mirongo ibiri.

Uwo mugambi uzoshimikira, mu ntango, ku bihugu vya Ethiopia, Ghana, Kenya, Liberia, Nigeria na Tanzania.
XS
SM
MD
LG