Uko wahagera

Abatavuga rumwe na Prezida wa Misiri, Mohamed Morsi, Baragize Imyerekano Ikomeye, itari bwabe, Kuva Habaye Umugumuko, mu Mwaka w’2011


Abari mu myiyerekano y'ukwiyamiriza prezida wa Misiri, Mohamed Morsi
Abari mu myiyerekano y'ukwiyamiriza prezida wa Misiri, Mohamed Morsi

Abantu isinzi barihereje amabarabara, i Cairo, ku murwa mukuru wa Misiri, aho basavye ko Prezida wa Misiri, Mohamed Morsi atanga imihoho.

Imyiyerekano ikomeye cane, itari bwabe, kuva revolusiyo yakuye ku butegetsi uwahoze ari prezida wa Misiri, Hosni Mubarak, muri rusangi, yabaye mu mahoro.

Yamara uruhagarara rwabay,e inyuma yuko bugorovye, rwahitanye umuntu umwe, abandi mirongo ine barakomereka, mu gihe abari mu myiyerekano batera icicaro c’umugambwe wa prezida Morsi, Moslim Brotherhood.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, ryatangaje kw’ibiro bitatu canke birenga vy’umugambwe, Moslim Brotherhood vyatewe, mu myiyerekano itandukanye yabereye, mu karere ka Delta du Nil.

Abatavuga rumwe na prezida Morsi, benshsi muribo bazungagiza amabendera y’igihugu ca Misiri, barakoraniye mu kibanza ca Tahrir Square, ku murwa mukuru wa Misiri, Cairo ejo ku musi w’Imana, umusi w’ukwibuka umwaka wa mbere urangiye prezida Morsi, arahiye kuba umutegetsi wa mbere w’igihugu ca Misiri, avuye mu matora yigenga.

Ibaianyamakuru, Radiyo na Televiziyo bivuga ururimi rw’icarabu, vyasubiyemwo ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, butangaza kw’abanri, mu myiyerekano ku murwa mukuru, Cairo, no mu bindi bisagara vyo mu gihugu ca Misiri, bagera ku miliyoni zitatu.

Abanebagura prezida Morsi, bavuga ko Reta yiwe iriko igerageza kwigungirako ubutegetsi, kandi ko yananiwe gutorera inyishu, ibibazo vy’ubutunzi bw’igihugu ca Misiri.

Abantu benshi barerekanye ishavu ryabo, ku bugizi bwa nabi butera bwiyongera mu gihugu, hamwe n’ubwivanyi bufatiye ku mpamvu za politike n’amadini, bubandanya mu gihugu ca Misiri.
XS
SM
MD
LG