Uko wahagera

President Morsi Yarashikirije Ijambo Abanyagihugu


Umunyagihugu, yariko aratera uruvyino rwo kwiyamiriza president w'igihugu ca Misiri, Mohammed Morsi
Umunyagihugu, yariko aratera uruvyino rwo kwiyamiriza president w'igihugu ca Misiri, Mohammed Morsi

President w’igihugu ca Misiri Mohamed Morsi yashikirije ikiganiro abanyagihugu uyu musi ku wa gatatu.

Ivyo bibaye imbere y’imyiyerekano itegekanijwe, ifise umugambi wo kumuhimiriza gutanga imihoho.

Imigambwe itavuga rumwe na reta iriko irasaba umushingantahe Morsi gutanga imihoho.

Bamwe bashavujwe n’ukuntu ubutegetsi bwiwe bwa kiislamu bumeze, mu gihe abandi banyaMisiri, bavuga ko bashavujwe n’ukuntu ubuzima bwabo, butera butituka, kandi n’ibiciro vy’ibidandazwa vyaduze ku ntwaro yiwe.

Abasirikare bakuru bagize imisi basaba umushingantahe Morsi hamwe n’imigambwe itavuga rumwe na reta, ngo bumvikane, amaraso atarinze guseseka.
XS
SM
MD
LG