Uko wahagera

Urugendo Rwa President Obama Muri Afrika


Urugendo Rwa President Obama Muri Africa
Urugendo Rwa President Obama Muri Africa

President wa reta zunze ubumwe za amerika, Barack Obama ari mu rugendo rumujanye mu gihugu ca Senegal.

Urwo rugendo ruzoshimikira ku migambi yo guteza imbere ubudandaji hamwe na demokrasi.

Inyuma y’amasaha indwi azoba yamaze mu kirere, ejo ku musi wa kane, umushingantahe Obama, azobonana na president wa Senegal, Macky Sall, yongere agire inama n’abategetsi bo mu ntara bajejwe ubutungane, izoshimikira ahanini ku ntwaro igendera ku mategeko.

Intumwa ya president Obama ajejwe ubudandaji, Michael Froman, yavuze ko mur’iki gihe, ikiza ca Sida kiriko kiragabanuka mu ntara ya Afrika, ubukene bugiye kurangira mur’iyo ntara.

Yamara umushingantahe Froman yavuze kw’iterambere mu ntara ya Afrika, rikijegajega. Avuga ko reta zunze ubumwe za amerika, zishaka gushigikira abakoze ibishobotse vyose kugira ngo intara ya Afrika ifate intambwe y’iterambere.

Avuye mu gihugu ca Senegal, president Obama azoca aja mu ighugu ca Afrika y’Epfo, aho bitegekanijwe kw’azogendera ibohero Robben Island, aho president Nelson Mandela, yahoze atwara igihugu ca Afrika y’Epfo, yapfungiwe mu kiringo c’imyaka irenga 20
XS
SM
MD
LG