Uko wahagera

Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha, Yarigijeyo Urubanza rwa Prezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta, Gushika mu Kwezi kw’Icumi na Rimwe


Prezida w'igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta
Prezida w'igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, yatangaje ko prezida w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, azocirwa urubanza, kw’italiki cumi na zibiri, z’ukwezi kw’icumi na rimwe.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yatangaje iyo taliki nshasha, ejo ku musi wa kane, inyuma yuko ihaye ababuranira prezida Kenyatta uwanya uhagije, kugira bategure dosiye yabo.

Urubanza rwa prezida Kenyatta, rwari rwatagakanijwe gutangura mu kwezi kw’indwi, yamara sentare mpuzamakungu mpanavyaha yatangaje ko habaye ugutebesha ibintu, ku bashikirizamanza, ku vyerekeye gutanga ivyemezo.

Prezida Kenyatta, yagirijwe ubwoko butanu, bw’ivyaha bityoza agateka ka muntu, ku ruhara avurwa ko yagize, mu gukokeza ubwicanyi, bufatiye ku bwoko, bwabaye mu gihugu ca Kenya, inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu ,yo mu mwaka w’2007.

Abantu barenga igihumbi barapfuye.

Icegera ca prezida w’igihugu ca Kenya, William Ruto, n’umutegetsi mukuru w’Iradio, Joshua Arap Sanga, nabo nyene baragirizwa ivyaha, muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Urubanza rwabo rutegekanijwe kuba, kw’italiki cumi z’ukwezi kw’icenda.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, yatangaje mu ntango z’uku kwezi, kw’urubanza rwabo rushobora gutangura, muri Kenya, canke Tanzania, ah’ukuba, ku cicaro ca sentare mpuzamakungu mpanavyaha, I Haye.

Abo bantu bose, uko ari batatu, barahakana ivyo bagirizwa.
XS
SM
MD
LG