Uko wahagera

Secreteri wa Departement ye Reta ya Amerika, John Kerry, Azoganira Umugambi w’Amahoro, ku Gihugu ca Afghanistani, n’Ibihugu Bicuditse na Amerika.


Secrerteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry
Secrerteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry
Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, azogendera, ku musi wa gatandatu, igisagara ca Doha, muri Qatar, ikibanza c’ibiganiro vy’amahoro vy’Abanya Afghanistani, bishigikiwe na Reta Zunze Ubumwe Za Amerika, Prezida wa Afghanistani, Hamid Karzai atashigikiye na gato.

Abategetsi bakomeye, bo muri Departement ya Reta ya Amerika, batangaje kw’imigambi ya Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, vyari bitegekanijwe mu ntango gushimikira kuri Syria, izoba irimwo kandi ibiganiro n’ibihugu bicuditse na Amerika, ku vyerekeye kugarukira umugambi w’amahoro, mu igihugu ca Afghanistani.

Ibiganiro vyo mu gisagara ca Doha, vyari kuba vyatanguye, ejo ku musi wa kane, birimwo abaserukira Aba Talibani, n’abategetsi bakomeye ba Amerika.

Yamara prezida wa Afghanistani, Hamid Karzai, mu bisa nuko atashimishijwe na gato n’yugururwa ry’ibiro vy’Aba Talaibani, mu gisagara ca Doha, yatangaje ko Reta yiwe itazoshigikira ivyo biganiro.
XS
SM
MD
LG