Uko wahagera

Reta ya Bresil, Yararungitse Igipolisi Gukingira Ibisagara Biriko Biberamwo Igikombe c’Imirwi Nserukiragihugu Yatsindiye Ibikombe, mu Ntara Zitandukanye zo kw’isi Ivamwo.


Igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko kiriko kirasa imyuka ibabaza mu maso ku bantu bari mu myiyerekano bari bakoraniye hafi y'ikibuga c'umupira w'amaguru ca Castelao mu gisagara ca Fortaleza, muri Bresil, kw'italiki cumi n'icenda z'ukwezi kwa gatandatu, umwaka w'2013.
Igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko kiriko kirasa imyuka ibabaza mu maso ku bantu bari mu myiyerekano bari bakoraniye hafi y'ikibuga c'umupira w'amaguru ca Castelao mu gisagara ca Fortaleza, muri Bresil, kw'italiki cumi n'icenda z'ukwezi kwa gatandatu, umwaka w'2013.
Igihugu ca Bresil, carungitse abapolisi b’igihugu, gukingira ibibanza biriko biberamwo igikombe c’imirwi nserukiragihugu yatsindiye ibikombe, mu turere dukandukanye two kw’isi ivamwo, mu gihe imyiyerekano ikomeye y’ukwiyamiriza imigambi ya Reta y’ugukoresha amafranga ya Reta, ibandanya gukomera.

Umushikiranganji ajejwe ubutungane, yatangaje kw’abapolisi badasanzwe b’igihugu ca Bresil bazorungikwa, mu bisagara bitanu, ku bisagara bitandatu ico gikombe kiriko kiberamwo.

Muri ico gihe, inkino z’igikombe c’imirwi nserukiragihugu, yatsindiye ibikombe, mu ntara zitandukanye zo kw’isi, iyo mirwi ivamwo, zarabandanije, ejo ku musi wa gatatu, aho mu nkino zabaye, Bresil yatsinze Mexique ibitsindo bibiri ku busa. Ivyo bitsindo vyinjijwe n’abakinyi, Neymar na Jo, mu gihe Ubutaliyano bwatsinze Ubuyapani, ibitsindo bine kuri bitatu, mu murwi A.

Mexique n’Ubuyapani bikaba bitazoshobora kubandanya, mu gice c’imbere y’igice ca nyuma, inyuma yuko ivyo bihugu bibiri bitsinzwe incuro zibiri.

Mu nkino ziza kuba, uno musi ku wa kane, mu murwi B, Nigeria iza guhura na Uruguay, mu gihe Espagne iza gukina na Tahiti.
XS
SM
MD
LG