Uko wahagera

Amerika, n’Aba Talibani, Bazogirana Ibiganiro, Amaso mu Yandi, Ejo ku Musi wa Kane


Umutegetsi mukuru agira kabiri mu bayobozi mu vya gisirikare b'Aba Talibani, Waliur Rehman
Umutegetsi mukuru agira kabiri mu bayobozi mu vya gisirikare b'Aba Talibani, Waliur Rehman
Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ziriteguriye kwugurura ibiganiro icese, n’Aba Talibani, mu mpera z’iyi ndwi, mu mugambi w’ugushiraho uburyo bw’uguhagarika ingwano, imaze igihe kirenga imyaka cumi, mu gihugu ca Afghanistani.

Abategetsi ba Reta ya Amerika, batangaje kw’ivyo biganiro bizotangura, ejo ku musi wa kane, mu gisagara ca Doha, muri Emirat ya Qatar.

Vyitezwe kw’abategetsi bakomeye ba Departement ya Reta ya Amerika, n’abategetsi bakomeye bo mu biro kwa prezida wa Amerika babonana, n’abaserukira Aba Talibani, muvyo abategetsi bavuga kw’ari ibiganiro vy’intangamarara.

Ivyerekeye ivyo biganiro vyasohotse, mu gihe abategetsi bajejwe kwivuna abansi ba Amerika, bemeje kw’abasirikare bane b’Abanyamerika bane bishwe, ejo ku musi wa kabiri, mu kibanza c’igisirikare kirwanira mu kirere, ca Amerika ca Bagram, mu buraruko bw’umurwa mukuru wa Afghanistani, Kabul.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, ari mu nama y’abategetsi b’ibihugu umunani bikomeye kurusha ibindi kw’isi, mu vyerekeye ubutunzi, muri Irlande yo mu buraruko, yavuze kw’ivyo biganiro n’Aba Talibani ari intambwe ya mbere, akaba yaragabishije ko yiteze ko hazoba intambamyi zitari nke, muri ivyo biganiro.

Ntivyitezwe ko Reta ya Prezida w’igihugu ca Afghanistani, Hamid Karzai, ija mu ncuro yo mu ntango y’ibiganiro vyo mu gisagara ca Doha.

Yamara abategetsi batangajeko vyitezwe kw’ibiganiro, vy’ejo ku musi wa kane, bishikana ku nama, hagati y’Aba Taliban,i n’abagize urwego rw’amahoro, rwashizweho na prezida w’igihugu ca Afghanistani.

Gushika ubu, Aba Talibani, baranse kuvugana icese na Reta ya prezida Karzai.
XS
SM
MD
LG