Uko wahagera

Amerika Yaragenye, Russell Feingold, kuba Intumwa Nshasha, mu Karere k’Ibiyaga Binini vyo Muri Afrika yo Hagati


People displaced by recent fighting in eastern Congo Abantu bavuye mu vyabo kubera ingwano mu buseruko bwa Congo
People displaced by recent fighting in eastern Congo Abantu bavuye mu vyabo kubera ingwano mu buseruko bwa Congo
Russell Feingold, yahoze ari umusenateri, muri Amerika, yaragenywe kuba intumwa idasanzwe ya Amerika, mu karere k’ibiyaga binini vyo muri Afrika yo hagati.

Secreteri wa Departement ya Reta muri Amerika, John Kerry, yatangaje igenwa ryiwe, ejo ku musi wa kabiri, yamenyesheje ko Feingold azokorana n’intumwa y’ishirahamwe mpuzamakungu OZ-N-U, Mary Robinson, kugira batume umugambi werekeye amahoro, mu karere k’ibiyaga binini vyo muri Afrika yo hagati, utera intambwe.

Ubuseruko bwa Republika iharanira Demokrasi ya Congo, bwarageramiye n’intambara yamaze imyaka itari mike, imirwi itari mike yagizemwo uruhara, imwe muri iyo mirwi iva mu bihugu bihana urubibe na Congo, vy’Urwanda na Uganda.

John Kerry, yatangaje ko, kugarukana umutekano mu karere k’ibiyaga binini vyo muri Afrika yo hagati, n’ugusambura umurwi urwanya ubutegetsi, M23, ari ibintu Reta ya prezida Obama ishimikiyeko cane.
XS
SM
MD
LG