Uko wahagera

Prezida wa Amerika, Barack Obama, na Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, Ntibumvikana kuri Syria

Prezida wa Amerika, Barack Obama ariko abonana na prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin mu nama y'ibihugu umunani bikomeye kurusha ibindi kw'isi mu vyerekeye ubutunzi, vyo mu murwi, G8 G8 ahitwa Lough Erne mu gisagara ca Enniskillen, muri Irlande yo mu buraruko kw'italiki cumi n'indwi z'ukwezi kwa gatandatu mu mwaka w'2013.

Prezida w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin, yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’Uburisya bitumvikana, ku vyerekeye igihugu ca Syria, ko yamara bumvikana kw’ubwicanyi butegerezwa guhagarara, kandi kw’impande zose zitegerezwa kuganira ukugene zotorera inyishu ibibazo, biri hagati yazo.

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, na prezida wa Amerika, Barack Obama, baraganiye ivyerekeye igihugu ca Syria, ejo ku musi wa mbere, ku ruhande rw’inama y’abategetsi b’ibihugu umunani biteye imbere kurusha ibindi kw’isi, mu vyerekeye ubutunzi muri Irlande yo mu buraruko.

Prezida, Obama, yarashimiye prezida w’Uburusiya, ku vyo yise ibiganiro bifise akamaro.

Yaremeye kw’ivyiyumviro vyabo, ku vyerekeye igihugu ca Syria, bidahuye, ngo yamara barumvikanye, ku gikorwa nkenerwa c’ukugirana ibiganiro.

Abategetsi b’ibihugu umunani bikomeye kurusha ibindi kw’isi, mu vyerekeye ubutunzi, bari mu murwi G8, baraganiye ibibazo vyerekeye ubutunzi kw’isi, yamara bisa nuko inama y’abo bategetsi ishimikira ku biganiro, ku ngingo ya Amerika y’uguha aibirwanisho abarwanya ubutegetsi bwa Reta y’igihugu ca Syria.
XS
SM
MD
LG