Uko wahagera

Muri Syria, Ibibombe Vyarishe Abasirikare 10


Ikamion ya girikare yahebwe n'abasirikare ba reta ya President Bashar Al-Assad
Ikamion ya girikare yahebwe n'abasirikare ba reta ya President Bashar Al-Assad
Ivyo bibombe vyaturikiye hafi y’ikibanza c’indege gikomeye ca gisirikare ku murwa mukuru Damas, vyahitanye ubuzima bw’abasirikare 10 b’igihugu ca Syria.

Ishirahamwe ry’abanyaSyria riharanira agateka ka zina muntu rifise icicaro I Londres mu gihugu c’Ubwongereza, uyu musi ku wa mbere, ryatangaje kw’ivyo bibombe, vyatewe ku kirindiro kiri hafi y’ikampi ya gisirikare iri ku kibanza c’indege, yitwa, Mazzeh, muri quartier ikomeye, iri ku murwa mukuru Damas.

Ubwo bwicanyi bubaye mu gihe, igihugu c’Uburusiya, gifise uburenganzira bwo kwankiriza ingingo zifashwe n’inama mpuzamakungu ijejwe umutekano, catangaje ko kitazokwemera kw’inama mpuzamakungu ijejwe umutekano, ifata ingingo yerekeye ikirere, indege z’igihugu ca Syria, zitarekuriwe kugurukiramwo.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’igihugu c’Uburusiya bujewe imigenderanire, Alexander Lukashevich, uyu musi ku wa mbere, niho yatangaza iyo nkuru, akaba rero yayitangaje imbere y’uko president Vladimir Putin hamwe na president wa reta zunze ubumwe za amerika, Barack Obama, basanzwe bari mu nama y’ibihugu umunani vyo kw’isi bikize, iriko ibera muri Irlande ya ruguru, babonana.
XS
SM
MD
LG