Uko wahagera

Vyitezwe ko Prezida wa Amerika, Barack Obama, Avugana na Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, Kuri Syria, mu nama ya G8


Prezida wa Amerika, Barack Obama
Prezida wa Amerika, Barack Obama
Prezida wa Amerika, Barack Obama, yaravuye i Washington, ejo ku musi w’Imana, ku muhingamo, agana Irlande yo mu buraruko, kwitaba inama y’ibihugu umunani bikomeye kurusha ibindi kw’isi, bisa nuko izoshimikira, ku ngingo ya Amerika y’uguha ibirwanisho abarwanya ubutegetsi bwa Reta ya Syria.

Iyo nama iza gutangura uno musi ku wa mbere ikabandanya, ejo ku musi wa kabiri, iza guhuza abategetsi b’ibihugu umunani bitunze kurusha ibindi kw’isi.

Prezida Obama, afise imigambi y’ukubonana na prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, kugira baganire, ku ngwano yo mu gihugu ca Syria.

Prezida Putin, yarashigikiye Reta ya prezida wa Syria, Bashara al-Assad.

Ejo ku musi w’Imana, prezida Putin yavuze kw’ibihugu bitegerezwa kudaha ibirwanisho abarwanyi barya ibihimba vy’umubiri w’abantu.

Inama y’ibihugu umunani bikomeye kurusha ibindi kw’isi, mu vy’ubutunzi, izoshimikira kandi, ku vyerekeye gukomeza ubutunzi, bwikwega, bwo kw’isi.
XS
SM
MD
LG