Uko wahagera

Abapolisi Barwanya Imigumuko Barafatiye Ingingo, Abari mu myiyerekano, mu Gihugu ca Turkiya


Abakozi bo mu gisagara ca Istambul bariko bakura umucafu mu kibanza ca Taksim Square
Abakozi bo mu gisagara ca Istambul bariko bakura umucafu mu kibanza ca Taksim Square
Abapolisi bagwanya imigumuko, mu gihugu ca Turkiya barinjiye, ejo ku musi wa gatandatu, mu kibanza kiri hagati mu gisagara ca Istambul, Taksim Square, n’ikibanza kiri hafi yaho, abantu binezerezamwo, bakaba bararashe imyuka ibabaza mu maso, n’imiringoti y’amazi, kugira bakure abantu bariko bagiye imyiyerekano, muri ivyo bibanza.

Iyo ngingo yafashwe amasaha makeyi, inyuma yuko umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, agabishije kw’inteko zijejwe umutekano zizi ukugene zikura abantu bari mu myiyerekano, muri ako karere.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Turkiya, yatangaje ko hari abantu bari inyuma y’imyiyerekano ikomeye cane itari bwabe, mu kiringo c’imyaka cumi amaze ku butegetsi.

Ku musi wa gatanu, umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, yabwiye abari mu myiyerekano, kw’imigambi y’ukwubaka mu kibanza abantu binezerezamwo, izoba irahagaze, gushika sentare ifashe ingingo, kuri iyo migambi.
XS
SM
MD
LG