Uko wahagera

Muri Turkiya Kwubaka muri Park Vyahagaritswe

Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Turkiiya Recep Tayyip Erdogan, lari kumwe n'abashikirananganji biwe bamwe bamwe hamwe 'abahanuzi biwe , bariko baragira inama n'abantu baserukira abagira imyiyerekan, kw'igenekerezo rya 12 ry'ukwezi kwa gatandatu.

Mu gihugu ca Turkiya abagira imyiyerekano babonanye n’umushikiranganji wa mbere ku musi wa gatanu.

Inyuma y’iyo nama, abagira imyiyerekano, batangaje ko yemeye kuba arahagaritse ingingo yari yarafashe yo kwubaka muri park yo mu gisagara ca Istambul, gushika sentare iciye urubanza rwerekeye uyo mugambi.

Umugambi wo gusenyura ibiti biri mur’iyo park kugira hubakwe, niyo yatumye abanyagihugu batangura imyiyerekano mu ndwi zibiri ziheze, yatumye batangura kwiyamiriza reta hamwe n’umushikiranganji wa mbere Recep Tayyip Erdogan.

Abanyagihugu bakoraniye muri Park yitwa Gezi batangaje ko batazova mur’iyo park naho umushingantahe Ergogan yabagabishije ku musi wa kane ku mugoroba.

Umushikiranganji wa mbere yahaye abo bantu yita kw’ari inkwezi z’ikibi, amasaha 24 kugira ngo bazobe bavuye mu kibanza co mu gisagara ca Istanbul citwa, Taksim Square. Gushika uyu musi mu gitondo, abo bantu bari bakiri mur’ico kibanza.
XS
SM
MD
LG