Uko wahagera

Igihugu ca Turkiya, Casavye ko Haba Referendum, ku Vyerekeye Ikibanza Abantu Binezerezamwo, mu Gisagara ca Istambul

  • VOA Africa

Abashingwamanza ibihumbi n'ibihumbi muri Turkiya bariko besemerera amajambo y'ugushigikiye abari mu myiyerekano y'ukwiyamiriza Reta mu gisagara ca Ankara, kw'italiki cumi na zibiri z'ukwezi kwa gatandatu mu mwakw w'2013

Abashingwamanza ibihumbi n'ibihumbi muri Turkiya bariko besemerera amajambo y'ugushigikiye abari mu myiyerekano y'ukwiyamiriza Reta mu gisagara ca Ankara, kw'italiki cumi na zibiri z'ukwezi kwa gatandatu mu mwakw w'2013

Reta y’igihugu ca Turkiya, yatangaje kw’ishobora kuba yiteguriye kugirisha referendum, ku kibazo c’ukwubaka, mu kibanza abantu binezerezamwo, ikibazo catumye haba imyiyerekano y’ukwiyamiriza.

Umuvugizi wa Reta y’igihugu ca Turkiya, Huseyin Celik, yatangaje, ejo ku musi wa gatatu, ko muri demokrasi, ivyifuzo vy’abanyagihugu arivyo vyonyene biteregerzwa kwumvirizwa. Yamara yasubiye gusaba imyiyerekano guhagarara.

Ivyo Celik, yabitangaje, inyuma yuko umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, abonanye n’abaserukira abari mu myiyerekano. Yamara benshi mu bandi bagira imyiyerekano, barihojeje ivyo biganiro, mu kuvuga ko Reta yahisemwo abo ishaka kuganira nabo.

Imigambi ya Reta y’igihugu ca Turkiya, y’ugusenyura ikibanza abantu binezerezamwo, mu gisagara ca Istambul, kugira ihubake ikibanza c’ububiko bw’ibintu biteregezwa kurungikwa hanze, vyatumye haba imyiyerekano, haraheze hafi y’indwi zibiri.

Iyo myiyerekano yavuyemwo ningoga, imyiyerekano y’ukwiyamiriza Reta, n’umushikiranganji wa mbere, Recep Tayyip Erdogan.

Abatavuga rumwe na Reta, bamwagiriza kw'ariko arondera gushiraho ivyiyumviro vy’idini rya Islamu, ku Banya Turkiya, mu bisanzwe batagendera, ku vyiyumviro vy’idini.
XS
SM
MD
LG