Uko wahagera

Ethiopia Yaragabishije Misiri kudatera Ubwoba, ku Vyerekeye Umugambi w’Ukwubaka Urugomero, ku Ruzi Nil Bleu

  • VOA Africa

Ibikorwa vy'ukwubaka urugomero rw'umuyagankuba kuri Ruzi Nil Bleu mu gihugu ca Ethiopia

Ibikorwa vy'ukwubaka urugomero rw'umuyagankuba kuri Ruzi Nil Bleu mu gihugu ca Ethiopia

Igihugu ca Ethiopia, catangaje kw’atari uburyo bwiza, ku gihugu Misiri, kugabisha ku vyerekeye urugomero rw’umuyagankuba igihugu ca Ethiopia kiriko cubaka, kuri rimwe mu mashami y’uruzi Nil.

Getachew Reda, umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Ethiopia, Hailemariam Desalegn, yaravugiye kw’Ijwi rya Amerika, umusi umwe inyuma yuko prezida w’igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi, agabishije kw’uburyo bwose bushobora gukoreshwa ,ku vyerekeye urwo rugomero.

Abategetsi b’igihugu ca Misiri, barerekanye impungenge, k’urwo rugomero rukomeye ruzogeramira urugero rw’amazi igihugu ca Misiri kironka.

Mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo, prezida Morsi yatangaje kw’igihugu ca Misiri kitariko gaitera akamo k’ingwano, yamara yavuze kw'igihugu ciwe, kitazokwihanganira kw’umutekano ufatiye mu mazi ugeramirwa.

Umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Getachew Reda, yavuze kw’ivyatangajwe n’igihugu ca Misiri bibabaje.

Yatangaje ko Ethiopia ifise umwizero ko hakiri uburyo bw’ukuganira n’igihugu ca Misiri, ku vyerekeye umuagmbi w’igihugu ca Ethiopia, w’ukwubaka urugomero rw’umuyangankuba, ku ruzi Nil Bleu.
XS
SM
MD
LG