Umuhuza mukuru yatangaje ko Reta y’igihugu ca Mal,i n’abarwanya ubutegetsi, bo mu bwoko bw’Aba Tuareg bumvikanye mu bisanzwe, ku masezerano yorekurira amatora kuba, mu kwezi kuza, igisirikare kigasubira mu gisagara, kiri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi ca Kidal.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu ca Burikina Faso, Djibril Bassole, yatangaje ejo ku musi wa mbere, kw’impande zose zariko zirihweza ayo masezerano, akaba yari yiteze kw’izo mpande zibiri zitera igikumu, kuri ayo masezerano, ejo ku musi wa kabiri.
Bassole, yatangaje kw’ukugaruka kw'igisirikare, mu gisagara ca Kida,l cari ikibazo gikomeye, mu biganiro vyamaze imisi itatu, ku murwa mukuru wa Burkina Faso, Ouagadougou, vyahagarikiwe na prezida wa Burkina Faso, Blaise Compaore.
Igihugu ca Mali, gishaka gusubira kugira ubutegetsi, n’ukwubahiriza umutekano, mu gisagara ca Kidal, umurwi w’Aba Tuareg bashaka kwiyonkora ku gihugu ca Mali, MNLA wafashe mu ntango z’uyu mwaka.
Abarwanya ubutegetsi bwa Mali bafashe ico gisagara, inyuma yuko inteko z’igihugu c’Ubufransa zitujije abarwanyi b’Aba Islamu, bari bigaruriye uburaruko bw’igihugu ca Mali, mu kiringo c’amezi cumi.
Mu misi ya vuba, abasirikare b’igihugu ca Mali, n’abarwanya ubutegetsi bo mu murwi MNLA, baratanye mu mitwe akatari gake, mu gihe igisirikare cariko gitera kiija, mu gisagara ca Kidal.