Uko wahagera

Umugenerali w’Umunyarwanda, Jean-Bosco Kazura, Niwe azoyobora MINUSMA, muri Mali

  • VOA Africa

Ikarata y'igihugu ca Mali

Ikarata y'igihugu ca Mali

Umugeneral w’Umunyarwanda, Jean-Bosco Kazura, asanzwe amenyereye ivyerekeye ibikorwa c’ugucungera umutekano. Yarabaye icegera c’umusirikare mukuru yari ajejwe inteko z’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika, mu ntara ya Darfur, imbere yuko harungikwa inteko z’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U.

Muri iki gihe, general Jean-Bosco Kazura, azoba ajejwe igikorwa kitoroshe, c’ukuyobora inteko ibihumbi cumi na bibiri n’amajana atandatu zarungitswe, mu buraruko bw’igihugu ca Mali, akarere karimwo umutekano muke, aho imirwi yitwaje ibirwanisho ibandanya gukorera.

Ishirahamwe O-N-U rivuga ko General, Jean-Bosco Kazura, ari umusirikare azi neza akazi kiwe.

Ishirahamwe O-N-U ryahisemwo General Kazura, ah’uguhitamwo umukandida wo mu gihugu ca Chad, naho a bategetsi b’ico gihugu basavye bashimitse kuyobora inteko z’ishirahamwe O-N-U muri Mali, ziwi kw’izina rya MINUSMA.

Icungirizi ciwe azoba ari umugenerali wo mu gihugu ca Niger.

Benshi mu basirikare bazoba bayobowe na general, Jean-Bosco Kazura, bazoba bavuye mu nteko z’ibihugu vyo muri Afrika zisanzwe ziri, mu gihugu ca Mali.
XS
SM
MD
LG