Uko wahagera

Abategetsi bo mu Biro kwa Prezida wa Amerika, ntaco bazovuga kuri Edward Snowden


 Edward Snowden yahsize ahabona umuagmbi w'urwego rujejwe umutekano muri Amerika w'ugusuma urusaku ku Banyamerika
Edward Snowden yahsize ahabona umuagmbi w'urwego rujejwe umutekano muri Amerika w'ugusuma urusaku ku Banyamerika
Edward Snowden, yahoze ari umukozi mu biro bijejwe iperereza, C-I-A, yakoreshejwe mu rwego rujejwe umutekano muri Amerika, US National Security Agency, yatangaje ko yashize ahabona inzandiko z’umugambi w’ibanga w’ugusuma urusaku, w'ibiro, National Security Agency, kugira akingire uburenganzira ngenderwako ry’abanyagihugu kw’isi.

Edward Snowden, muri iki gihe afise imyaka mirongo ibiri n’icenda yatangaje, ku musi w’Imana, ari mu ntara ya Hong Kong, kw’ariwe yasohoye amakuru yatangajwe n’ikinyamakuru, The Guardian, yerekanye ko Reta ya Amerika yumviriza amatelefone, igakwirikirana abakoresha ibibanza vya internet, kugira irabe abashobora kugira iterabwoba.

Amakuru atangazwa, avuga ko Snowden shobora kuba yaravuye mw’ihoteri yarimwo, mu gisagara ca Hong Kong, ku mutaga w’ejo ku musi wa mbere, aho ari hakaba hatazwi.

Yatangaje kw’afise imigambi y’ukurondera ubuhungiro, mu gihugu icarico cose camera ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro.
XS
SM
MD
LG