Uko wahagera

Umushikiranganji wa mbere w’Igihugu ca Turkiya, Ariko Atera Atihanganira Imyiyerekano, mu Gihugu

  • VOA Africa

Umushikiranganji wa mbere wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan

Umushikiranganji wa mbere wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, yabwiye abantu ibihumbi n’ibihumbi bamushigikiye kw’afise ukwihangana guke, ku myiyerekano y’ukwiyamiriza Reta, ugeze ku musi ugira uw'icumi.

Erdogan, yarashikirije amajambo atari make, ejo ku musi w’Imana, aho yasavye kw’abari mu myiyerekano bayihagarika. Yatangaje kw’abari mu myiyerekano bazoriha ku myiyerekano yabo, akaba yamenyesheje kw’akoresha ururimi bumva.

Yongeye kandi asaba abamushigikiye kwirinda ubwicanyi n’uruhagarara, bagakoresha amatora yo mu nzego zo hasi, ategekanijwe mu ndwi iza, kugira bahe icigwa abo batavuga rumwe.

Igipolisi cakoresheje imyuka ibabaza mu maso, kugira bashwiragize abari mu myiyerekano, ku murwa mukuru wa Turkiya, Ankara, no mu gisagara ca Istambul, ejo ku musi w’Imana.

Abantu batatu barapfuye, abandi ibihumbi n’ibihumbi barakomereka, kuva imyiyerekano itanguye haraheze imisi cumi.
XS
SM
MD
LG