Uko wahagera

Amerika Yarongereje Ubuzi Ibihumbi Ijana na Mirongo Irindwi na Butanu, mu Kwezi Guheze.


Umukuru w'ibanki nkuru ya Amerika, Ben Bernanke
Umukuru w'ibanki nkuru ya Amerika, Ben Bernanke
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatangaje kw’isoko ry’akazi, ryongereje ubundi buzi ibihumbi ijana na mirongo irindwi na butanu, mu kwezi guheze, yamara urugero rw’abatagira akazi rwariyongeye gushika kuri ndwi n’ibice bitandatu kw’ijana.

Raporo yasohotse, yerekana kw’ibibazo bibandanya kwibonekeza, ku vyerekeye ubutunzi bwa Amerika, bukomeye kurusha ubutunzi bw’ibihugu bihugu vyo kw’isi, mu gihe buriko butera bunaguka, buvuye mu bibazo bikomeye bwagize, mu mwaka w’2009.

Reta ya Amerika yatangaje, uno musi ku wa gatanu, kw’ubuzi bwiyongeye mu kwezi guheze, mu bisata vy’ubudandaji, Uburiro n’amamangazini.

Yamara abitegereza ibintu barafise ibibazo, ku kugene urugero rw’ubushomeri rushobora kugabanuka, mu mezi ari imbere.

Raporo nsahsha, ku vyerekeye akazi yasohotse, uno musi ku wa gatanu, ivuga kw’abantu imiliyoni cumi n’umwe n’ibihumbi amajana umunan,i bari bakirondera akazi, mu kwezi kwa gatanu, kw’ata kinini cahindutse, kuva mu kwezi kwa kane, igihe urugero rw’ubushomeri rwari indwi n’ibice vitanu kw’ijana.
XS
SM
MD
LG