Uko wahagera

Umushikiranganji wa Mbere w’Igihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, Yasavye kw’Imyiyerekano Imaze Indwi y’Ukwiyamiriza Reta Yiwe, Ihagarara Bidatevye.

Abashigikiye umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Tukriya, Recep Tayyip Erdogan bariko bamwakirana urweze ku kubuga c'indege Ataturk, mu gisagara ca Istambul, kw'italiki indwi z'ukwezi kwa gatandatu umwaka w'2013.

Bavuga kw’Imana ariyo nkuru, abantu ibihumbi n’ibihumbi, bashigikiye umushikiranganji wa mbere, buaruzuye ikibuga c’indege, co mu gisagara ca Istambul, mu gitondo c’uno musi ku wa gatanu, kugira bamwakira, inyuma yuko atahuse, avuye mu rugendo mu karere ko muri Afrika yo mu buraruko.

Erdogan yavuze kw’imyiyerekano iriko iba, muri Turikiya, isa n’iyarenze ivyo amategeko arekurira.

Abanya Turkiya barasubiye kugira imyiyerekan,o ejo ku musi wa kane, mu gisagara ca Istambul, no ku murwa mukuru, Ankara, aho basavye kw’umushikiranganji wa mbere, Recep Tayyip Erdogan, atanga imihoho.
XS
SM
MD
LG