Uko wahagera

Sentare Mpuzamakungu Ku Rubanza Rwa William Ruto


President w'igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta
President w'igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta

Iyo sentare yatangaje kw’urubanza rwagiriza vice president, rushobora gutangurira mu buseruko bwa Africa, aho gutangurira i La Haie.

Igihugu ca Kenya cararemereye sentare mpuzamakungu, kiyisaba guheba urwo rubanza rwagiriza ivyaha icegera ca president, umushingantahe William Ruto hamwe na president w’igihugu ca Kenya, Jomo Kenyatta; Igihugu ca Kenya kikaba casavye kw’urwo rubanza rubera mu masentare yo mu gihugu hagati.

Sentare mpuzamakungu yaranse guheba urwo rubanza, yamara ejo ku musi wa mbere, iyo sentare yavuze ko bikenewe kw’urwo rubanza rutangurira mu gihugu ca Kenya canke mu gihugu ca Tanzania, kibanyi.

Umushingantahe Ruto yagirizwa ko yagize uruhara mu bwicanyi bufatiye ku moko bwabaye mu gihugu ca Kenya, inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mwaka w’2007.

Iyo sentare, ejo ku musi wa mbere, yaratangaje kw’itegekanya kwumviriza urubanza rw’umushingantahe Ruto hamwe n’umukuru w’iradiyo yagirizwa ivyo vyaha nyene, Joshua Arap Sang, kw’igenekerezo rya 10 ry’ukwezi kw’icenda.

Nta kintu cerekeye president w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta, nawe nyene yagirizwa ivyaha, catangajwe. Urubanza rwiwe mu bisanzwe, rutegekanijwe mu kwezi kw’indwi.
XS
SM
MD
LG