Uko wahagera

Amerika Igiye Kurungika Missille muri Yordania

  • VOA

Ikamion itwaye ibigwanisho vya missile Patriot

Ikamion itwaye ibigwanisho vya missile Patriot

Reta zunze ubumwe za amerika zigiye kurungika mu gihugu ca Yordania ibigwanisho vyitwa Missile Patritot.

Amerika izorungika kandi indege z’ingwano zo mu bwoko, F-16 zizokoreshwa mu myimenyerezo ya gisirikare, kandi hari n’amasezerano avuga ko bimwe mur’ivyo bikoresho vya gisirikare, bishobora gusigara mu gihugu ca Yordania, kugira bikomeze umutekano ushobora guhungabanywa n’ingwano ibera mu gihugu ca Syria.

Umuvugizi w’ibiro bikuru vya gisiriakre vya reta zunze ubumwe za amerika, yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika, kw’ivyo bigwanisho bizorungikwa kugira bikoreshwe mu myimenyerezo ya gisiriakare izwi kw’izina, Eager Lion, mu mpera z’uku kwezi.

Mur’iki gihe hari amakenga y’uko missile z’igihugu ca Syria, zishobora kuba ziriko zirarungikirwa umurwi w’abagwanyi Hezbollah, kandi ivyo bigwanisho bishobora gukoreshwa mu gutera ibindi bihugu vyo mur’iyo ntara.

Ejo ku musi wa mbere kandi, igihugu c’Uburusiya hamwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vy’ibulaya, vyaratanguye ibiganiro bizomara imisi ibiri, mur’iki gihe hari amatati avuye ku mugambi w’ibihugu vy’ibulaya wo gushigikira abarwanya ubutegetsi bw’igihugu ca Syria, mu gihe igihugu c’Uburusiya kibandanya gushikira reta president Bashar Al-Assad.
XS
SM
MD
LG