Uko wahagera

Abarwanya Reta ya Syria, Baragwaniye Muri Libani


Umugabo wo mu gihugu ca Libani afise inzu yasambuwe na rocket irashwe n'abarwanya ubutegetsi bw'igihugu ca Syria.
Umugabo wo mu gihugu ca Libani afise inzu yasambuwe na rocket irashwe n'abarwanya ubutegetsi bw'igihugu ca Syria.

Abarwanya ubutegaetsi bwa president w’igihugu ca Syria, Bashar al-Assad, baragwanye ingwano idasanzwe mu gihugu ca Libani.

Abo bagwanyi batanye mu mitwe n’abagwanyi bafasha president Assad bo mu murwi Hezbollah ufise icicaro mu gihugu ca Libani.

Abategetsi bo mu gihugu ca Libani bajejwe umutekano, bavuga kw’iyo ngwano yabaye ku musi wa gatandatu mu gitondo hafi y’igisagara citwa Baalbeck kiri mu buseruko bw’igihugu: Iyo ngwano yarahitanye ubuzima bw’abantu batari bake bo mu mpande zose.

Abarwanya ubutegetsi mu gihugu ca Syria bagwiriyemwo abaSunni, bari bagabishije ko bashobora gutera umurwi Hezbollah w’abaShia mu mugambi wo kwihora umuhari Hezbollah, bavuga ko warungitse abagwanyi gukora ibitero mu gihugu ca Syria vyo gushigikira umushingantahe Assad, ari mu murwi w’aba Alawite bacuditse n’abaShia.

Ibikoho vya rocket bitari bike vyarasiwe mu gihugu ca Syria, vyaraguye mu bibanza birimwo umuhari Hezbollah.

Ivyo bitero, nivyo bitero vya nyuma vyerekana kw’ingwano yo mu gihugu ca Syria iriko iratandukira ibindi bihugu bibanyi.
XS
SM
MD
LG