Uko wahagera

Turkiya Abanyagihugu Barabandanya Kwiyamiriza Reta


AbanyaTurkiya bariko baragira imyiyerekano, baratanye mu mitwe n'abapolisi mu kibanza citwa Taksim Square mu gisagara ca Istanbul
AbanyaTurkiya bariko baragira imyiyerekano, baratanye mu mitwe n'abapolisi mu kibanza citwa Taksim Square mu gisagara ca Istanbul

AbanyaTurkiya biyamiriza reta, barakoze imyiyerekano mu bisagara bikomaye ku musi ugira gatatu bikwirikiranya.

Mur’iki gihe kandi, umushikiranganji wa mbere, Recep Erdogan, avuga kw’abantu bariko baragira imyiyerekano yabayemwo ubugizi bwa nabi, ar’abasahuzi.

Abantu bashika 1500 bariko baragira imyiyerekano, baragerageje kwinjira ku murwa mukuru Ankara, maze bituma abapolisi babashwaramwo n’imiringoti y’amazi hamwe n’imyuka ihumya amaso, mu kubashwiragiza.

Abanyagihaugu amajana n’amajana, barasubiye kandi mu kibanza co mu gisagara ca Istanbul citwa Taksim Square, cabereyemwo imyiyerkano yo kwiyamiriza reta ya Turkiya ku musi wa gatanu hamwe no ku musi wa gatandatu.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, avuga kw’abanyagihugu amajana n’amajana, bakomeretse igihe abapolisi bakoresha imiringoti y’amazi hamwe n’imyuka ihumya amaso, mu gihe kandi abanyagihugu bariko baragira imyiyerekano, bariko baratana mu mitwe n’abapolisi bimwe bikomeye, bitari bihetutse mu gihugu ca Turkiya.
Reta ya Turkiya yavuze kw’abapolisi 26 hamwe n’abasivile 53, aribo bonyene bakomeretse mur’iyo migumuko.

Abategetis barahagaritse abantu barenga 1000, yamara mu nyuma benshi muribibo, bararekuwe.

Umushingantahe Erdogan, yariyamirije akamo katwe n’abantu bariko baragira imyiyerekano, gasaba reta guhagarika umugambi wo kwubaka mu kibanza cahora kimeze nka park. Yavuze kw’atazigera asaba akagwi k’abasahuzi, uruhusha rwo kubandanya uyo mugambi.
XS
SM
MD
LG